Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Impunzi Zirageramiwe n'Indwara


Impunzi muri Sudani y'Ubumanuko

Impunzi muri Sudani y'Ubumanuko

Muri Sudani y’Ubumanuko, abanyagihugu bahunze intambara zimaze iminsi z’iri mur’ico gihugu bivugwa ko bariko barapfira mw’ikambi bahungiyemwo, mu gihugu c’Ubuganda, bivuye ko ata buvuzi bukwiye bafise.

Abo banyagihugu bahunze intambara ziri hagati ya Reta ya Sudani y’Ubumanuko, n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho, basaba Reta ya Sudani kwicarana n’iyo migwi bagwana kugira abo banyagihugu bashobore kuronka agahengwe.

Abanyagihugu baba mu karere ka Morobo, muri Sudani y’Ubumanuko, bavuga kandi ko ibarabara rikuru riva aho muri Sudani y’Ubumanuko rija mu gihugu c’Ubuganda ryugawe n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho.

Mu kwezi guheze kw’9, ONU yari yatangaje ko abantu bashika ku 100.000 bari bugaraniwe mur’ako karere, batagira n’inzira yo gucamwo kugira bahunge.

XS
SM
MD
LG