Uko wahagera

Impari mu Banyepolitike ku Bijanye n’ Ideni Amerika Ifise


Impari mu Banyepolitike ku Bijanye n’ Ideni Amerika Ifise
Impari mu Banyepolitike ku Bijanye n’ Ideni Amerika Ifise

Amakuru ava mu nama nshingamateka ya Amerika amenyesha ko amatora mu rwego rw’ aba Depute, ku mugambi w’ aba Republicain wo kuduza urugero rw’ ideni reta ya Amerika ishobora gusaba, no kugabanya amafaranga reta ikoresha, yasibishijwe kubera uwo mugamb, washikirijwe n’ umukuru w’ inama nshingamateka John Boehner, umu Republicain, udafise aba depite b’ aba Republicains bakwiye bawushigikiye.

Umwe mu bayobozi b’ aba Demokrare mu rwego rw’ aba depite, Steny Hoyer yavuze ko ata mu Demokrate n’ umwe mur’ urwo rwego azotora integuro y’ itegeko yashikirijwe na Beohner. N’ umuyobozi w’ aba Demokrate mu rwego rwa Senat Herry Reid nawe yavuze ko iyo nteguro itazorengana mur’ iryo shami niyaramuka ishitseyo.

Umuvugizi w’ ibiro vya presida wa Amerika , Jay Carner yavuze ko presida Obama afise akizero ko impande zose zizokwumvikana imbere y’ ikiringo ntarengwako c’ itariki zibiri z’ ukwezi kw’ umunani.

XS
SM
MD
LG