Uko wahagera

Impanuka y’Itereni Itwara Abantu mu Gihugu ca Argentine


Impanuka y'Itereni Itwara Abantu muri Argentine
Impanuka y'Itereni Itwara Abantu muri Argentine

Abategetsi bavugva kw’abantu barenga amajana atandatu bakomeretse

Abategetsi bajejwe gutabara mu gihugu ca Argentine batangaje kw’abantu mirongo ine n’icenda canke barenga bapfuye inyuma yuko itereni yari yuzuye abantu yasetse igice kirangiza inzira y’amatereni muri Station y’amatereni yo ku murwa mukuru w’igihugu ca Argentine, Buenos Aires.

Abategetsi batangaje kw’iyo tereri itwara abantu yaciye mu kibanza amatereni ahagararamwo carimwo abantu benshi igenda cane idahagarara ejo ku musi wa gatatu mu gitondo mu gihe haba hari uruja n’uruza rukomeye rw’abantu.

Impamvu y’iyo mpanuka iracariko iratohozwa, yamara umunyamabanga ajejwe gutwara abantu n’ibintu, J.P. Schiavi yatangaje kw’amafire y’iyo modoka yanse gukora.

Abategetsi bavugva kw’abantu barenga amajana atandatu bakomeretse, harimwo abantu bagera amajana ane na mirongo itandatu barajanywe mu bitaro. Benshi mu bapfuye n’abakomeretse bari mu bice bibiri vy’iyo tereni vyarimwo abantu benshi cane.

Abategetsi bari ahabereye iyi mpanuka bavuze kw’iyo tereni yasetse barriere mu mpera z’inzira y’amatereni iriko igenda hafi y’ibilometero 20 n’ibilemtero mirongo itatu kw’isaha. Batangaje kw’iyo tereni yariko igenda cane ku buryo kimwe mu bice vy’iyo tereni cinjiye imetero zitandatu mu kindi gice cari imbere yaco.

Abategetsi bavuga kw’iyo mpanuka yaabereye ku nzira y’itereni icako abantu benshi Sarmiento, niyo mpanuka ikomeye cane ku nzira y’amatereni mu kiringo kirenga imyaka mirongo itatu.

XS
SM
MD
LG