Uko wahagera

Impamvu z’Urupfu Rwa Whitney Houston Zaramenyekanye


Whitney Houston
Whitney Houston

Urupfu rwa Whitney Houston, rwabaye mu kwezi guheze rwavuye ku mpanuka n’ingaruka z’ugukoresha cocaine n’indwara y’umutima.

Abategetsi bajejwe ivy’ubuvuzi batangaje ko urupfu rw’umuririmvyikazi rurangiramwa wo muri Amerika, Whitney Houston, rwabaye mu kwezi guheze rwavuye ku mpanuka n’ingaruka z’ugukoresha cocaine n’indwara y’umutima.

Ivyo ibiro vy’uwari ajejwe gutohoza impamvu ziba zatumye abantu bapfa mu buryo burimwo ibibazo, mu karere Whitney Houston yitabiyemwo Imana mu ntara ya Los Angeles vyabitangaje ejo ku musi wa kane, mu kuvuga kw’ata Nta zindi mpamvu zikekwa mu rupfu rwiwe zoba zifatiye ku bugizi bwa nabi.

Patricia Houston yakwirikirana imirimo ya Whytney Houston y’imisi yose, yatangaje ko umuryango wa Houston ubabajwe n’ukumenya impamvu z’urupfu riwe, ngo yamara urashimishijwe n’ukumenya ukuri.

Ivyo vyarangije indwi n’indwi z’urukurukuru ku catumye urupfu rwa Whitney Houston yagize ibibazo vy’ingoga n’ibiyayura umutwe mu kiringo c’imyaka itari mike. Raporo ya nyuma y’uwujejwe gutohoza impamvu ziba zatumye abantu bapfa mu buryo burimwo ibibazo, izoja ahabona icese mu kiringo kiri hafi y’indwi zibiri.

Whithey Houston yari afise imyaka mirongo ine n’umunani yatowe yapfuye mu cumba c’ihoteri yarimwo mu gisagara ca Los Angeles, mu ntara ya Californiya kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kwa kabiri.

XS
SM
MD
LG