Uko wahagera

Juba: Abanyagihugu 57 barishwe n'Imitego ya Mine


Sudani y'Ubumanuko: Ibisigarira vy'ibigwanisho mu ntambara yahuje Reta hamwe n'abagwanyi
Sudani y'Ubumanuko: Ibisigarira vy'ibigwanisho mu ntambara yahuje Reta hamwe n'abagwanyi

Muri Sudani y’Ubumanuko, umugwi wa ONU, ujejwe gutegura imitego ya mine (UNMAS), umenyesha ko imitego itaturitse yatezwe n’impande zigwana, mu ntara ya Equateur du Centre no mu ntara ya Jonglei ar’inzitizi zikomeye ku banyagihugu. Abanyagihugu bamwe bamwe bamenyesha ko batagishobora kuja kurangura imirimo yabo kubera gutinya ko iyo mitego ibaturikirako.

Kelly McAulay, akorera ikigo UNMAS, amenyesha ko hari ibibanza badashobora gushikamwo bivanye n’uko bikirangwamwo intambara. McAulay akavuga kandi ko abahitanwa n’iyo mitego babandanya kwiyongera. Mu kwezi kw’indwi abashika ku mirongo itanu n'umwe barapfuye bishwe n’iyo mitego, abandi mirongo ibiri n'umwe barakomereka. McAulay avuga ko abakenyezi aribo babangamiwe, bivanye n’uko baba bagiye kuvoma amazi canke gusenya inkwi.

McAulay asaba impande zigwana, kwubahiriza amasezerano bateyeko igikumu mu mwaka w’2015, kugira bashobore kurangura igikorwa co gutegura iyo mitego. Mu kwezi guheze, ishirahamwe ryitaho impuzi kw’isi, HCR, ryatangaje ko abanyagihugu benshi bahungiye mu bihugu bibanyi ku mvo z’uko batinya guhonyora kur’iyo mitego.

XS
SM
MD
LG