Uko wahagera

Trump Arashobora Kunagura Imigenderanire na Tayiwani


Donald Trump na Prezida Tsai Ing Wen wa Tayiwani
Donald Trump na Prezida Tsai Ing Wen wa Tayiwani

Donald Trump aheruka gutorwa ngw’arongore Reta Zunze za Amerika yagiranye ikiganiro kw’iterefone na Tsai Ing-Wen aramutswa Igihugu ca Tayiwani, ikiganiro baganiriyemwo ibijanye n’uruhara rwa Amerika m’ugufasha ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu amenyesha ko ico kiganiro ataco kizohindura mu migenderanire y’Ubushinwa na Amerika.

Mwomenya ko kuva mu 1979, Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari yarahagaritse imigenderanire n’Igihugu ca Tayiwani. Abanyepolitike batandukanye bakaba bashimye uyo mubonano wa Trump na Prezida Wen wa Tayiwani. Tom Cotton, Umukenguzamateka w’umu Republikani aserukira Reta ya Arkansas, amenyesha ko imigenderanire ya Amerika na Tayiwani ishingiye kw’itegeko rigenga imigenderanire y’Igihugu ca Tayiwani, ariryo rihuza ivyo bihugu ukwari bibiri kandi ko risaba Amerika gushigikira demokarasi muri Tayiwani.

Mwomenya ko Ubushinwa buvuga ko aribwo bufise uburenganzira ku gihugu ca Tayiwani kuva habaye intambara y’abanyagihugu m’Ubushinwa, mu 1940, bukaba kandi bwarahakaniye abajejwe imigenderanire nabwo bashika kw’Ijana na Mirongo Indwi, harimwo na Amerika, gukorana na Tayiwani. Yamara Amerika ikaba yagumanye imigenderanire na Tayiwani, mu buryo butari ku mugaragaro, kuva mu 1979, ahitanguriye gukorana n’Ubushinwa bwari butanguye gukomera m’ubutunzi.

XS
SM
MD
LG