Uko wahagera

Imigenderanire Hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya


Abitegereza ibintu bavuga ko Uburusiya bushobora kuba ku bijanye n’Ubushinwa uko Canada iri ku vyerekeye Reta z’unze ubumwe za Amerika

Igihugu c’Ubushinwa kiriko kirarengana Uburusiya mu vyerekeye ubutunzi. Abitegereza ibintu bavuga ko Uburusiya bushobora kuba, ku bijanye n’Ubushinwa, uko Canada iri ku vyerekeye Reta z’unze ubumwe za Amerika, n'ukuvuga isoko ry'amatungo ari mu butaka.

Ivyo bikaba ari ibintu abategetsi b’igihugu c’Ubushinwa basanga atawobisabira ko.

Muri iki gihe, Uburusiya buza ubugira gatanu mu bihugu bishorera ibitoro vyinshi mu gihugu c’Ubushinwa kubera Ubushinwa bwarondereye ahandi ku bijanye n’amasoko ntanganguvu.

Abashinwa batari bake basigaye barabira hasi Uburusiya. Kuribo ngo ntaco babona bokwigira ku Burusiya muri iki gihe.

Igihagararo gitera ciyongera c’Ubushinwa biriko bitera ikibazo gikomeye Uburusiya.

XS
SM
MD
LG