Uko wahagera

HCR Yagarukiye ku Mpunzi za Sudani y'Ubumanuko


Impuzi zo muri Sudani y'Ubumanuko
Impuzi zo muri Sudani y'Ubumanuko

Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi, HCR rimenyesha ko ryashikirije imfashanyo imiryango ishika ku bihumbi bitandatu, yugarijwe n’intambara iri muri Reta ya Yei River, muri Sudani y’Ubumanuko, imaze amezi atandatu hagati y’abasirikare ba Reta n’imigwi y’abatavuga rumwe na Reta iyoboka Riek Machar, yahoze ar’icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu.

Abategetsi ba HCR bamenyesha ko imiryango ishika ku bihumbi cumi ariyo yataye izabo mur’ico gisagara, inyuma y’aho izo ntambara zitanguriye. ONU imenyesha kandi ko bitoroshe gushikira izo mpunzi bivuye k’umutekano muke uri mur’ako karere.

Richard Ruati, icegera c’uwujejwe imigenderanire muri HCR, muri Sudani y’Ubumanuko asaba imigwi igwana guhagarika intambara kugira amashirahamwe y’abagiraneza ashobore gushikira abanyagihugu bamerewe nabi.

Ayo mashirahamwe y’abagiraneza, co kimwe n’ubutegetsi, bamenyesha ko abanyagihugu ibihumbi bahunze izo ntambara mu bihugu bibanyi vya Uganda na Republika Iharanira Demokarasi ya Congo. Ababa ibihumbi ijana nabo bugarananiwe hagati mur’izo ntambara bivuye ko babuze aho baca.

XS
SM
MD
LG