Uko wahagera

Ikigo Miracle Corners of the World (MCW) Community Center, Gifasha Abana bo mu Ntara ya Bugesera.

  • Fidele Niyongabo

Jacqueline Murekatete yatanguye programa MCW Jacqueline’s Human Rights Corner.

Jacqueline Murekatete yatanguye programa MCW Jacqueline’s Human Rights Corner.

Ikigo MCW Community Center, giha inyigisho abana bo muri iyo ntara ku vyerekeye amashule n’akazi, benshi muribo barokotse ihonyabwoko ryo mu mwaka w’1994 mu Rwanda.

Jacqueline Murekatete yatanguye programa MCW Jacqueline’s Human Rights Corner, mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika yamenyesheje kw’iyo programa yatanguye ibikorwa vyayo mu mwaka w’2007. Itanga inyigisho ku vyerekeye ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda mu mwaka w’1994 n’ubutungane ku basinzikajwe n’iryo honyabwoko.

Iyo progama ifise ikigo mu ntara ya Bugesera citwa, MCW Community Center, giha inyigisho abana bo muri iyo ntara ku vyerekeye amashule n’akazi, benshi muribo barokotse ihonyabwoko ryo mu mwaka w’1994 mu Rwanda.

Ku bindi kuri iyo iyo programa, twumvirize Jacqueline Murekatete:

XS
SM
MD
LG