Uko wahagera

Ikigenza Prezida wa Somaliya mu Burundi Kiracari Ibanga


Perezida Pierre Nkurunziza na mugenzi we wa Somaliya, Abdullahi Mohamed Farmaajo
Perezida Pierre Nkurunziza na mugenzi we wa Somaliya, Abdullahi Mohamed Farmaajo

Prezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed kuri uno wa mbere yatanguye urugendo rw’imisi ibiri mu Burundi.

Agishika ku gataka k'Uburundi ku muhingamo, Prezida Mohamed yakiriwe na mugenzi we Pierre Nkurunziza n’abategetsi bo mu gisata co kwivuna abansi.

Ikigenza Prezida wa Somaliya mu Burundi ntikiramenyekana. Gusa, ku rutonde rwashizwe ahabona n’igisata kijejwe gutanga amakuru mu biro vya Prezida Nkurunziza bitegekanijwe ko ejo ku wa kabiri Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed agiranira umubonano na mugenzi we Nkurunziza co kimwe n’abategetsi mu gisata co kwivuna abansi.

Prezida wa Somaliya agendeye Uburundi inyuma y'aho mu mpera z’umwaka wa 2018 Komisiyo y’umuryango w'ubumwe bwa Afurika n’urwego nshingwabikorwa rwawo bitangarije ko abasirikare 1000 b’Abarundi bari kugarukana amahoro muri Somaliya babwirizwa gutahukanwa mu gihugu bitarenze igenekerezo rya 28 uku kwezi kwa kabiri.

Inyuma y’iyo ngingo reta y'Uburudi yasavye ubumwe bwa Afrika gusubira ku ngingo yabwo. Mw'itangazo bwanditse, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwasiguye ko impande zose zari zumvikanye ko hatahukanwa abasirikare batarenga 341. Abasirikare b’Abarundi bari kugarukana amahoro muri Somaliya barenga 5000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG