Umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe ubutunzi, Christine Lagarde, ku musi wa kabiri, yaragenywe mu kibanza c’umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu FMI. Uyo mutegetsi yari yashigikiwe n’ibihugu bitari bike, birimwo reta zunze ubumwe za amerika.
Umushikiranganji w’igihugu c’Uburundi ajejwe ubutunzi, Clotilde Nizigama, yabwiye Frederic Nkundikije kw’igenwa ry’umushikiranganji Christine Lagarde mur’ayo mabanga, ryanezereje Uburundi, kuko Uburundi nabwo nyene, bwari bwamushigikiye. Yavuze kw’igenwa ry’umufasoni Christine Lagarde, rihambaye kandi, kuko abaye umufasini wa mbere ashinzwe amabanga yo kurongora ikiga mpuzamakungu FMI