Uko wahagera

Ikiganiro Dusangire Ijambo, Cihweza Ikibazo c’Umutekano mu Burundi


Mu Burundi hagize imisi haba ibitero bikorwa n’imirwi, reta ivuga kw’ar’imirwi y’abandi. Mu ndwi iheze naho, harabaye ibitero mi micungararo y’umurwa mukuru Bujumbura.

Abategetsi b’igipolisi bavuga ko bafashe abantu bashika batanu, bikekwa ko bari mu bantu badurumbanije umutekano mw’ijoro ryo ku wa mbere, buca ari ku wakabiri.

Ikibazo abantu benshi bibaza mur’iki gihe, n’ukumenya niba abarundi badashobora kuvavanura n’inyifato yo gukoresha ibigwanisho mu gusaba uburenganzira bwabo bwa politike, mur’iyi myaka, Uburundi bwatanguye inzira ya demokrasi.

Mukiganiro Dusangire ijambo cacu cihweza ivyo bibazo vyose tuvuze, twaraganiye n’abategetsi bo mu Burundi barongoye amaradiyo, barimwo Innocent Muhozi, umukuru wa Radio Television Renaissance; Willy Nyamitwe, umukuru w’abategetsi barongoye iradiyo Rema FM, Eric Manirakiza, umukuru w’iradiyo RPA hamwe n’umutegetsi yanonosoye ivyerekeye politike hamwe n’amatora, Freddy Nkurikiye.

XS
SM
MD
LG