Uko wahagera

USA: Umukandida Kaine yahanganye na mugenzi we Pence


Kaine na Pence, mu kiganiro co guhangana
Kaine na Pence, mu kiganiro co guhangana

Kur’uyu wa kabiri, mu gisagara ca Farmville, muri Reta ya Virginia, niho ivyegera vy’abakandida bahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Tim Kaine w’aba Demokrate, na Mike Pence w’aba Republikani, bahuriye mu kiganiro cateramishijwe n’Umumenyeshamakuru wa CBS, Elaine Quijano.

Ico kiganiro cari kigamije guha ijambo abakandida, bagahangana ku bijanye na politike bafise ku gihugu cabo, hamwe n’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu.

Kaine yagarutse ku bijanye n’ingendo y’umukandida Trump, aho yavuze ko yagwijije ubutunzi bwiwe mu gucinyiza abantu bato.

Nayo Umukandida Mike Pence, w’aba Republikani yaneguye politike y’umukandida Hillary, igihe yar’umushikiranganji wa Amerika, ku bijanye n’intureka zadutse mu bihugu vy’abarabu, akavuga ko yavyifashemwo nabi.

Abo bakandida bompi bavuga ko batabona kumwe ibibazo bitandukanye bijanye n’ubutunzi, umutekano, imigenderanire hamwe n’ikibazo kijanye n’abimukira bari ku butaka bwa Amerika.

Kimwe mu bikorwa nyamukuru vy’icegera c’Umukuru w’Igihugu muri Amerika n’ugusubirira Umukuru w’Igihugu mu gihe yitavye Imana, canke atanze imihoho.

XS
SM
MD
LG