Uko wahagera

Ikibazo c’Abana bo mw’Ibarabara mu Burundi


Ibitigiri vy’abo bana bitera vyiyongera kubera ingwano n’inkurikizi zayo vyatumye imiryango ikena rwose ku buryo umuntu asanga abavyeyi bavyara abana badashobora gufasha

Ikibazo c’abana bo mw’ibarabara n’ikibazo kitoroshe catanguye kuva igihugu c’Uburundi kigiye mu ngwano mu mwaka w’1993.

Ico kibazo gitera ciyongera kubera abana bo mw’ibarabara batera baba benshi.

Ibitigiri vy’abo bana bitera vyiyongera kubera ingwano n’inkurikizi zayo vyatumye imiryango ikena rwose ku buryo umuntu asanga abavyeyi bavyara abana badashobora gufasha mu bituma abo bana batahira mw’ibarabara.

Ijwi rya Amerika ryaravuganye kuri ico kibazo na Aimable Barandagiye ayoboye urunani rw'amashirahamwe yigenga aharanira agateka k'abana mu Burundi na Onesime Ndayizeye wo mu runani rw'abamenyeshamakuru bishinze guharanira agateka k'abana mu Burundi.

Tubatege amatwi.

Twashaka n'ukubibitsa ko twagize programa ya video ku kibazo c'abana bo mw'ibarabara mu gisagara ca Bujumbura mu misi iheze.

XS
SM
MD
LG