Uko wahagera

Ijwi rya Amerika Riribuka Imyaka mirongo Irindwi Rimaze


Abashitsi batari bake bari batumiwe ku cicaro c’ijwi rya Amerika I Washington DC ejo ku musi wa gatatu mu birori vy’ukwibuka imyaka mirongo irindwi irangiye Ijwi rya Amerika ritanguye gushikiriza ibiganiro vyaryo aho hari mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’1942, mu kiringo c’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Abanyacubahiro b’aAbanyamerika n’abanyamahanga barifatakije n’abandi mu birori vy’ukwibuka imyaka mirongo irindwi irangiye Ijwi rya Amerika ritanguye gushikiriza ibiganiro vyaryo, harimwo na prezida wa Amerika, Barack Obama:

“Prezida Obama yarakeje abantu bose bakora kw’Ijwi rya Amerika ku myaka mirongo irindwi y’akazi gakomeye bakoze. Prezida Obama yavuze ko kuva rishikirije ibiganiro vyayo vya mbere mu kiringo c’ingwano ya kabiri y’isi yose gushika ubu, Radiyo Ijwi rya Amerika ryabaye Ijwi ry’ubwigenge mu kuvuga ko n’imbere yuko bavuga ivyerekeye kuvugana n’amakungu, Ijwi rya Amerika ryaza ryarishinze ico gikorwa, kwerekana ingendo ya Amerika, ivyiyumviro n’ubwigenge Abanyamerika bagwanira."

Barrack Obama, Prezida wa Amerika

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, Hilary Clinton nawe nyene yarahayagije ibikorwa vyaranguwe n’Ijwi rya Amerika kw’isi:

“Hilary Clinton avuga kw’ibice vyo kw’isi aho amajwi y’ubwigenge ageramigwa, Ijwi rya Amerika rija imbere mu rugamba rw’ukugwanira uburyo bw’ugutangaza amakungu bwigenga. Ngo hari igihe bamwe mu bakozi b’Ijwi rya Amerika bahatswe kuhasiga ubuzima, mu gihe hari abahasizze ubuzima.”

Hillary Clinton: Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika

Dalai Lama: Umutegetsi mukuru w'Idini rya Buddha mu ntara ya Tibet

Aung San Suu Kyi: Umunyepolitike atavuga rumwe na reta ya Birmaniya

XS
SM
MD
LG