Uko wahagera

Ijambo rya Prezida Obama Ryerekeye Akazi muri Amerika

  • VOA

Prezida Obama mu Nama Nshingamateka

Prezida Obama mu Nama Nshingamateka

Prezida Obama yashikirije uwo mugambi mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka ejo ku musi wa kane

Prezida wa Reta z’unze ubumwe za Amerika, Barack Obama yasavye abashingamateka kwemeza umugambi w’imiliardi amajana ane na mirongo itanu z’amadolari ujejwe gutuma ubuzi buboneka.

Prezida Obama yashikirije uwo mugambi mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka ejo ku musi wa kane. Yavuze ko Reta z’unze ubumwe za Amerika, iri mu bibazo bikomeye, bisaba ingingo zihutigwa kugira bitume ubutunzi busubira kunaguka, ubuzima bw’abanyagihugu nabwo bwisununura.

Mw’ijambo yashikirije ryerekanywe ku mateleviziyo, prezida Obama yasavye guhagarika impari zifatiye ku vyiyumviro vya politike, akaba yasavye abashingamateka gufata intambwe zijejwe gufasha ubutunzi.

Prezida Obama yavuze ko umugambi wiwe uzogabanya amatagisi ku bakozi n’amashirahamwe y’abikorera ku giti cabo, utume ubuzi bushasha buboneka ku bakozi bari mu gisata c’ukwubaka, abigisha n’abandi banyamerika. Uwo mugambi urimwo gutuma abantu baronka akazi mu vyerekeye gusanura n’ukwubaka amabarabara, amayira ya gali ya Moshi n’ibibuga vy’indege vyiza, amayira y’amazi n’amashule ibihumbi mirongo itatu na bitanu canke arenga.

Prezida Obama yatangaje kandi umugambi wiwe ugabanjriza amatagisi amashirahamwe aha akazi abakozi batagira akazi, ukongera ukagabanya mwo kubiri amatagisi ku mukozi wese w’umunyamerika, n’amashirahamwe y’abaikorera ku giti cabo mato mato yose.

Umugambi wa prezida Obama usa n’uwuzogwanywa n’abashingamateka bo mu mugambwe w’aba Republicains, badashaka ko Reta, isanzwe igeramiwe n’amadeni, yongereza amafranga ikoresha.

XS
SM
MD
LG