Uko wahagera

Prezida Obama Ati "Amateka Azopima Ibikorwa vya Fidel Castro"


Prezida Obama mu rugendo yakoze mu gihugu ca Cuba
Prezida Obama mu rugendo yakoze mu gihugu ca Cuba

Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarungitse ubutumwa bwo guhoza abanyagihugu bo muri Cuba, inyuma y’aho bitangarijwe ko Fidel Castro, yahoze arongoye Cuba yitavye Imana.

Mw’itangazo yashikirije, Prezida Obama ntiyaneguye canke ngw’ashimagize ubuzima bwa Fidel Castro, nkuko abatari bake mu bategetsi bo mw’isi babikoze, yamara Prezida Obama yatangaje ko amateka azokwibuka akanapima ivyo yakoze.

Fidel Castro yitavye Imana kur’uyu wa gatanu, afise imyaka mirongo icenda. Imbere y’aho gato akaba yarakoranye na Prezida Obama mu ntumbero yo kunagura imigenderanire ya Amerika na Cuba.

Tubibutse ko Prezida Obama ariwe mukuru w’Igihugu wa mbere wa Amerika yagendeye Igihugu ca Cuba, aho hari mu ntango z’uyu mwaka, inyuma ya Calvin Coolidge, yari yagendeye Cuba mu 1928.

XS
SM
MD
LG