Uko wahagera

Filipine: Perezida Duterte yasavye imbabazi kw'ijambo yashikirije


Duterte

Duterte

Perezida Rodrigo Duterte wa Filipine yashikirije ijambo kur’uyu w’Imana, aho yasavye imbabazi abanyagihugu b’abayahudi, ku bijanye n’ijambo yashikirije ku munsi wa gatanu, aho yagereranije igikorwa co kugwanya urudandazwa gw’ibiyayura mutwe n’ihonyabwoko ryakozwe n’aba nazi b’abadagi, ku bayahudi, mu ngwano ya kabiri.

Perezida Duterte yemanze ko imvugo yakoresheje itar’iryoshe na gato. Yamara avuga ko ata mbabazi azosaba ku bantu bangana 3.000 bamaze kwicwa, bahobwa ko bari mu barima, abadandaza canke abanywa ibiyayura mutwe.

Abasanzwe bakorana na Perezida Duterte bamenyesha ko ivyo yabivugishijwe n’ishavu. Mark Toner, umuvugizi mu Bushikiranganji bwa Reta ya Amerika, yamenyesheje ko imvugo ya Perezida Duterte ar’imvugo itey’isoni, kandi ko itubahiriza agatega ka zina muntu n’umuco w’abanye Filipine.

XS
SM
MD
LG