Uko wahagera

Ijambo rya John Kerry Ntiryashimishije Isirayeli


John Kerry (M'ububamfu), na Benjamin Netanyahu (M'uburyo)
John Kerry (M'ububamfu), na Benjamin Netanyahu (M'uburyo)

Ibinyamakuru bikorera muri Israyeli vyatangaje ko ijambo Umushikirangaji wa Reta ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yashikirije kur’uyu w’Imana ryakiriwe nk’ivyagirizo bikomeye kandi bitubahiriza imigenderanire n’Igihugu ca Israyeli.

Mur’iryo jambo, Kerry akaba yatangaje ko ivyo Reta y’abayahudi iriko irakora bihungabanya umutekano hagati ya Israyeli na Palestine. Kerry yatangaje kandi ko mu kiringo amaze arongoye Ubushikranganji bwa Reta ya Amerika, yavuganye n’mushikiranganji wa mbere wa Israyeli, Benjamin Netanyahu incuro zirenga amajana atatu na mirongo indwi na zitanu, akongera akagendera Israyeli akarenga incuro mirongo ine.

Kerry avuga ko ivyashikirijwe n’Umushikiranganji w’Indero, Naftali Bennett, kubijanye nuko ata nyishu y’ibibazo hagati ya Israyeli na Palestine igishoboka, ari ikintu giteye amakenga cane.

Ivyo John Kerry yabishikirije mu gihe abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe bavuga ko batanezerejwe n’uburyo Israyeli ibandanya kwica amatwi kubijanye n’uturere yigaruruye.

Joe Lieberman, umwe mubari mur’ico kiganiro, yahoze ar’Umukenguzamateka, avuga ko inyishu y’ibibazo vya Palestine na Israyeli atari iya hafi, kandi ko ikibazo gikomeye ar’uburyo Reta ya Donald Trump izobandanya kuvyifatamwo.

XS
SM
MD
LG