Uko wahagera

Ijambo Presida Obama Yashikirije Rizohindur’ Iki Ku Ngorane Z’ Akazi Ziri Muri Amerika?

Ijambo Presida Obama Yashikirije Rizohindur’ Iki Ku Ngorane Z’ Akazi Ziri Muri Amerika?
Ijambo Presida Obama Yashikirije Rizohindur’ Iki Ku Ngorane Z’ Akazi Ziri Muri Amerika?

Presida Obama yashikirije ijambo ku bijanye n’ ubutunzi n’ akazi muri Amerika.

Mur’ iki gihe muri Amerika ubutunzi bumaze igihe butameze neza n’ abantu benshi ata kazi bafise, ivyo bigatuma har’ abantu bibaza niba presida Obama ariko ararangura amabanga yiwe nk’ uko ategerezwa kugira ngo abanyamerika borohegwe mu buzima bwabo.

Mur’ iryo jambo presida Obama yavuze ko Amerika igihanzwe n’ ingorane zikomeye z’ ubutunzi n’ akazi, kandi ko abanyepolitike bategerezwa gushira ku ruhande ivyo batumvikanako hanyuma bakaja hamwe mu gufasha kunagura ubutunzi bw’ igihugu cabo. Yamara har’ ababibaza niba iryo jambo presida Obama yashikirije ku mugambi wiwe wo kuronsa abantu akazi muri Amerika, har’ ico rizohindura ku kugene ibintu vyifashe muri Amerika mur’ iki gihe, hari n’ ico rizohindura ku kuntu abanyamerika biyumvira ko ariko arakora akazi kiwe.

.

XS
SM
MD
LG