Uko wahagera

Igitero c’Abantu Bitwaje Ibigwanisho muri Komine Kanyosha

  • VOA

Ico gitero caremejwe na Abdul Bampowe, Musitanteri wa Komine Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura

Ivyabona n’abategetsi mu Burundi batangaje ko abantu bane bishwe, abandi batatu barakomereka igihe abantu bitwaje ibigwanisho barasa ku bantu bariko barorera urukino rw’umupira w’amaguru. Ico gitero caremejwe na Abdul Bampowe, Musitanteri wa Komine Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, aho ubwo bwicanyi bwabareye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu.

Abarokotse bavuze ko abantu bariko barorera urukino rw’igice ca nyuma c’igikombe c’imigwi yabaye iya mbere mu karere k’I Bulaya, igihe abantu bitwaje ibigwanisho bashika. Amakuru atangazwa avuga ko bamwe mu bariko barorera urwo rukino bari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi.

Itororokanizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters, ryasubiyemwo umuntu aba muri Komine Kanyosha avuga ko abagize ico gitero baririmba indirimbo zijanye n’umugwi wahoze ugwanya ubutegetsi, FNL.

XS
SM
MD
LG