Uko wahagera

Igitero ca Bombe c’Abihevyi I Mogadisho


Igitero ca Bombe c’Abihevyi I Mogadisho
Igitero ca Bombe c’Abihevyi I Mogadisho

Umugwi al-Shabab, ukorana n’umugwi al-Qaida, wariyitiriye ico gitero ca bombe.

Ivyabona babwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, ko abihevyi babiri binjije ikamyo yuzuye amabombe mu kibanza kirimwo ibiro vya Reta ya Somalia. Abategetsi bavuga ko benshi mu bahasize agatwe bari abanyeshule bari baje mu bushikiranganji bujejwe indero kumenya ivyavuye mu bibazo vy’ukuja kwiga mu mahanga. Umugwi al-Shabab, ukorana n’umugwi al-Qaida, wariyitiriye ico gitero ca bombe.

Ico gitero n’ica mbere ku murwa mukuru , Mogadisho, kuva Reta nfatakibanza itangaje mu kwezi kw’umunani ko yatujije umugwi al-Shabab ku murwa mukuru, Mogadisho. Ico gihe abategetsi batangaje ko iyo ntsinzi ya gisirikare yari intango y’isambuka ry’umugwi al-Shabab. Yamara umuyobozi w’ivyerekeye Afrika mu kigo, Atlantic Council I Washington, J. Peter Pham yavuze ko abagwanyi b’umugwi al-Shabab bashobora kuba bariko basubira gukoresha uburyo bwabafashije muri kahise ku basirikare bo mu mahanga:

Pham avuga ko igihe umugwi al-Shabab wava ku murwa mukuru Mogadisho mu ntango z’ukwezi kw’umunani, benshi mu bakuru bawo bagabishije gukoresha ubwo buryo budasanzwe bw’ukugwana, bwakoze neza ku banya Ethiopia.

Inteko z’igihugu ca Ethiopia zarafashije Reta nfatakibanza ya Somalia kugwanya umugwi al-Shabab mu kiringo c’imyaka ibiri, imbere yuko ziva muri Somalia mu mwaka w’2009.

Pham avuga ko bidatomoye, nimba umugwi al-Shabab, uburyo bwawo bwagabanutse mu mezi arangiye kandi utagishigikiwe cane, ufise ububasha bw’ukubandanya umugambi mushasha wawo w’ibitero vy’amabombe.

Bagenzi bacu bari i Mogadisho baraturungikiye amasanamu ya video y'igitero ca bombe c'ejo ku musi wa kabiri, amasanamu yakoreshejwe na Service y'Igisomali kw'Ijwi rya Amerika.

XS
SM
MD
LG