Uko wahagera

Kenya: Igitero c'Abiyahuzi Cahitanye Abantu 12


Igitero c'abiyahuzi muri Kenya
Igitero c'abiyahuzi muri Kenya

Kur’uyu wa kabiri, muri Kenya habaye igitero cabereye ku mupaka wa Kenya na Somaliya. Ico gitero caje kigana abatari mw’idini rya Kisilamu, cahitanye abantu bashika kuri 12, nk’uko vyemezwa n’umukozi wa Reta ya Kenya.

Bivugwa ko abakoze ico gitero bashobora kuba ar’abagwanyi b’umugwi al-Shabab, bateye inzu y’uburaro bw’ingezi, isanzwe iri mu gisagara ca Mandera.

Ico gitero gikurikiye ibindi bitari bike vyabereye aho ku mupaka wa Kenya na Somaliya, vyakozwe n’umugwi al-Shabab kuva Kenya itanguye kurungika inteko zayo mu gihugu ca Somaliya, mu mwaka w’2011.

Mu ntango z’uku kwezi, abantu bashika kuri 6 barasize ubuzima mu gitero cabereye mur’ako karere, gikozwe na al-Shabab. Mu kwezi kwa 11, mu mwaka w’2014 naho, al-Shabab yishe abantu bashika kuri 28 badakukira idini rya Kisilamu, inyuma y’aho imidoka yo mu bwoko bwa bus inyururijwe aho mu karere ka Mandera.

XS
SM
MD
LG