Uko wahagera

Ejo

Igitabo Gishasha Ku Ngaruka Mbi kw’Iterambere z’Amadeni Ahabwa Afrika Avuye hanze


Igitabo Gishasha Ku Ngaruka Mbi kw’Iterambere z’Amadeni Ahabwa Afrika Avuye hanze
Igitabo Gishasha Ku Ngaruka Mbi kw’Iterambere z’Amadeni Ahabwa Afrika Avuye hanze

Amadeni ava hanze n’amafranga ava muri Afrika aja kunyegezwa mu mahanga vyaragize ingaruka mbi zikomeye cane, ku karere ka Afrika.

Ico ni ikibazo cihwejwe na professeur, Leonce Ndikumana, yigisha ivyerekeye ubutunzi kuri kaminuza ya Massachusetts, mu gitabo aherutse gusohora: “Africa’s Odious Debts: How Foreign Loans And Capital Flight Bled A Continent”.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Leonce Ndikumana yamanyesheje ko mu kazi kiwe k’ukwigisha n’ukugira ubushakashatsi akunda kuraba ivyerekeye amafranga avuye hanze aja mu migambi y’iterambere. Yarihweje ukugene amafranga avuye hanze, yakoreshwejwe muri Afrika, n’ukugene arihwa kubera aba ari ingurane.

Mu gitabo ciwe, yasanze naho amwe muri ayo mafranga avuye hanze umuntu asanga afasha mw’iterambere, igice kitari gito gikoreshwa nabi muri Afrika, mu gihe ikindi gice kinyuruzwa, kigasubira hanze, mu mabanki yayaguranye.

Mwumvirize ibindi kuri ico kibazo:

XS
SM
MD
LG