Uko wahagera

Igikorwa c’Uguharura Amajwi Kiriko Kiraba muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.


Igikorwa c’Uguharura Amajwi Kiriko Kiraba muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.
Igikorwa c’Uguharura Amajwi Kiriko Kiraba muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.

Aho amatora yarangiye ku gihe, abategetsi bajejwe amatora baratanguye igikogwa c’uguharura baari kumwe n’abaserukira imigambwe.

Ibibanza bitari bike vy’amatora vyabandanije igikogwa c’uguharura mu masaha akuze yo mw’ijoro, bitewe n’amakarata y’ugutora abashingamateka mu bice bimwe bimwe yagera ku mpampuro mirongo ine n’umunani.

Yamara bamwe mu banye Congo baracarindiye gutora mu bibanza vy’amatora bitagifise amakarata y’ugutora canke bituguruye na gato kubera ata makarata y’ugutora yatanzwe. Muri ico gihe, urwego rujejwe amatora rwatangaje ko amatora yabandanije ejo ku musi wa kabiri.

Kumwe muri ukwo gutebesha ibintu vyatumwe n’uruhagarara rwabareye mu gisagara ca Lubumbashi mu bumanuko bw’igihugu ca Congo, aho abantu bitwaje ibigwanisho bateye ikibanza c’amatora, n’imidoka zari zitwaye ibikoresho vy’amatora. Amatora yarageramiwe n’ivyagirizo vy’ubusuma, harimwo ikibanza c’ugutora mu gisagara ca Goma kiri mu buseruko bwa Congo:

“Igihe twatangura guharura amajwi, uwuyoboye ikibanza c’amatora yarafashe impapuro z’ugutora, atangura kuzitabura. Twaragerageje kumwaka izo mpapuro z’ugutora, ico gihe igipolisi catanguye kurasa mu kirere, abantu bakaba baritutse kugira binyegeze. Abantu babiri nzi barakomeretse, bakaba bari mu bitaro muri iki gihe”. Juvenal Biyamungu, umuntu yigenga akwirikirana amatora.

Ku murwa mukuru wa Congo, Kinshasa, abatora barateye umutegetsi ajejwe ivy’amatora bavuga ko yariko agerageza kwongereza amajwi y’uwutavuga runwe na Reta ahiganigwa amabanga y’umukuru w’igihugu, Kengo wa Dondo.

“ Hari umuntu duhejeje gufata, yari azanye impapuro z’amatora zakoreshejwe zitari nke z’umu candidat Kengo. Twamufashe, yariko arondera uburyo bw’ugushira izo mpapuro z’amatora zakoreshejwe mu masandugu y’amajwi. Uko niko twashoboye kumufata. Ivyo vyose vyari vyataguwe biciye ku mukuru w’ikibanza c’amatora.” Boniface Muamba, aharanira agateka ka muntu.

Uwuhiganwa akomeye mu batavuga rumwe na Reta, Etienne Tshisekedi yatangaje ko abamushigikiye bazokora ibikenewe niyo babona ko amatora yibwe.

Prezida wa Congo, Joseph Kabila, yavuze ko Congo itegerezwa kudasubira mu ngwano. Yashitse ku butegetsi inyuma y’igandagurwa rya se wiwe, Laurent Kabila, yayoboye abagwanya umutegetsi yatwaza agahotoro, Mobutu Seses Seso igihe igihugu citwa Zaire. Prezida Kabila yatsinze ubwa mbere amatora mu ncuro ya kabiri y;amatora yabaye mu mwaka w’2006, yatumye haba ingwano ikomeye ku murwa mukuru, Kishasa yahitanye abantu barenga ijana.Yamara muri iki gihe nta ncuro ya kabiri y’amatora ihari.

Abakwirikirana amatora baaserukira ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, ishirahamwe COMESA, n’ikigo, Carter Cneter baariko basaba abantu kuguma batekanye mu gihe abatoye barindiye ivyavuye mu matora:

“Hari abatora batashimishijwe nuko batashoboye gushika mu bibanza vy’amatora ku gihe kandi batahawe inyigisho zitomoye ku kugene ibintu bizogenda. Dufise umwizero ko igihugu kizoshobora kubivamwo, ko kizoguma gitekanye, kandi ko abahiganywe bazokwemera ibivuye mu matora.” John Stremlau, ajejwe imigambi yerekeye amahoro mu kigo, Carter Center.

Abategetsi bajejwe amatora batangaje ko abahiganwa bategerezwa kwirinda gushikiriza ivya mbere bivuye mu matora kubera urwego rujejwe amatora arirwo rwonyene rurekuriwe gutangaza abatsinze n’abatsinzwe.

Bitegekanijwe ko ivya nyuma bivuye mu matora bitangazwa imbere yuko ikiringo ca prezida Kabila kirangira ku musi wa kabiri w’indwi iza.

Ibifitanye isano

XS
SM
MD
LG