Uko wahagera

Igikogwa Co Gutangaza Amakuru Mu Burundi Inyuma Y’ Ubwicanyi Bwabaye Mu Gatumba

Igikogwa Co Gutangaza Amakuru Mu Burundi Inyuma Y’ Ubwicanyi Bwabaye Mu Gatumba
Igikogwa Co Gutangaza Amakuru Mu Burundi Inyuma Y’ Ubwicanyi Bwabaye Mu Gatumba

Mu Burundi, haheruka gukogwa ubwicanyi bwahitanye abantu benshi ahitwa mu Gatumba mu micungararo y’ umugwa mukuru Bujumbura. Mu nyuma yaho, abategetsi bakaba baciye bamenyesha ko bafashe ingingo ibuza abamenyeshamakuru gutangaza inkuru ku ma dossiers yose akiriko aratohozwa n’ abajejwe ubutungane ngo kubera inkuru nk’ izo zishobora kuber’ intambamyi ico gikogwa c’ itohoza. Yamara abamenyeshamakuru bo siko babibona, bavuga ko iyo ngingo yafashwe n’ abategetsi ifise imvo za politike ko ataho ihuriye n’ ukugene abamenyeshamakuru barangura umwuga wabo. Twavuganye na Patrick Nduwimana, umumenyeshamakuru akaba ari nawe arongoye mur’ iki gihe iradiyo yigenga yo mu Burundi, BONESHA.

XS
SM
MD
LG