Uko wahagera

Igihuhusi Matthew Kiragaruka muri Reta ya Caroline y'Uburaruko


Umwuzure waturutse ku gihuhusi Matthew muri Reta ya Caroline y'Uburaruko
Umwuzure waturutse ku gihuhusi Matthew muri Reta ya Caroline y'Uburaruko

Inyuma y’iminsi mike igihuhusi Matthew giciye mu gihugu ca Haiti, mu mazinga ya Caraibes no mu bumanuko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igipolisi n’abajejwe gutabara intureka mu bisagara bitandukanye vyo muri Reta ya Caroline y’Uburaruko, hano muri Amerika, batangaje kur’uyu wa gatatu ko ico gihuhusi kiriko kirahinguka kigaruka mur’iyo Reta.

Ni mu gihe akazuba kariko karagaruka aho caciye, igicu casubiye guca ibibatsi. Yamara mu turere tumwe tumwe two muri Reta ya Caroline y’Uburaruko, bivugwa ko igihuhusi gikomeye kurusha icarenganye mu ndwi iheze kiri mu nzira.

Igipolisi kikaba kiriko gica mu bisagara hagati gisaba abanyagihugu kuva mu mazu, kandi kimenyesha ko gishobora no kudodora inzu ku nzu kugira gihimirize abanyagihugu gusohoka hakiri kare.

Tubibutse ko igihuhusi Matthew giheruka mu ndwi iheze cahitanye abantu barenga igihumbi mu gihugu ca Haiti. Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika naho abashika kuri 35 nibo baharugwa mubo cahitanye.

XS
SM
MD
LG