Uko wahagera

Igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko n’Igihugu ca Sudani yo Mu Buraruko, Bizoruhira Kuganira.


Ibitero vy’indege bikorwa na Sudani muri Sudani yo mu bumanuko vyarabandanije, n’aho igihugu ca Sudani yo mu bumanuko catangaje ku musi wa gatanu, ko cakuye abasirikare baco mu gisagara ca Heglig gitunze ibitoro, kirimwo amatati.

Mbega ivyo bivuga kw’ingwano igiye kwaduka icese hagati y’ivyo bihugu, canke, agahengwe kazohava gakwirikira iyo ngingo y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko yo kuva mur’ico gisagara? Reka twumvurize umwe mu bategetsi bari mu murwi wagenywe n’ishirahmwe rya Afrika, mu gikorwa co kugenduza ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, president Pierre Buyoya, yahoze atwara Uburundi.

XS
SM
MD
LG