Uko wahagera

Igihugu ca Sudani yo Mu Bumanuko, Catangaje ko Cakoroye Indege y’Ingwano y’Igihugu ca Sudani


Igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, catangaje ko cakoroye indege ya gisirikare y’igihugu ca Sudani, mur’iki gihe uruhagarara rubandanya kwiyongera hagati y’ivyo bihugu.

Umutegetsi wo mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko ajejwe gukwirikirana ibiganiro biriko bibera I Addis Abeba mu gihugu ca Ethiopia Pagan Amum, yabwiye abamenyeshamakuru kw’abasirikare b’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko bakoroye indege yo mu bwoko MiG 29, ejo ku musi wa gatatu ku muhingamo.

Amum yavuze kw’umushikiranganji w’igihugu ca Sudani ajejwe kwivuna abansi, yatanze amategeko yo gukora igitero c’indege ku basirikare b’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, inyuma y’aho afatiye ingingo yo gusohoka akava mu biganiro vyo kurondera amahoro, biriko bitunganywa n’ishirahamwe rya Afrika.

Ibiro vy’abarafaransa bijejwe gutangaza amakuru vyaratangaje inkuru ivuga kw’umuvugizi w’igisirikare ca Sudani, yahakanye kw’ata ndege y’igihugu ca Sudani, yakorowe.

Imbere y’aho, intumwa z’ishirahamwe rya afrika zijejwe gutunganya ivyo biganiro, zari zashikirije urwandiko rurimwo imigambi yo kugabanya uruhagarara ruri hagati y’ivyo bihugu.

Iyo migambi yari yashikirijwe na Thabo Mbeki yahoze ari president w’igihugu ca Afrika y’Epfo, iratera akamo gasaba guhagarika ingwano, ikongera igasaba igihugu kimwe kimwe gukura abasirikare baco, carungitse kugwana hirya y’urubibe, ikongera kandi, igasaba ko haba inama nkuru y’abakuru b’ivyo bihugu.

Umushingantahe Mbeki yaratangaje kw’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko citeguriye gutera igikumu ku rwandiko rurimwo iyo migambi, yamara ngo intumwa ziserukira reta ya Sudani, zaciye zibanza gutwara urwo rwandiko ku murwa mukuru Khartoum, kugira zirushikirije abakuru.

XS
SM
MD
LG