Uko wahagera

Igandagugwa ry’umunyeshure Muri Kaminuza y’Uburundi


Igandagugwa ry’umunyeshure Muri Kaminuza y’Uburundi
Igandagugwa ry’umunyeshure Muri Kaminuza y’Uburundi

Mw’ishure Kaminuza y’Uburundi, kur’uyu wa gatatu niho bitegekanijwe ko ivyigwa bisubira kubandanya, inyuma y’igandagugwa ry’umunyeshure umwe, n’abandi benshi bakomeretse, ku musi w’Imana uheze.

Mu buraro bwa kaminuza y’Uburundi, aho bita ku Mutanga, uhashitse usanga abanyeshure bari mu tugwi. Uwusanzwe atahaba, yegereye baba bamubonye k’ejo, bagaca binumira. Uwemeye kutuganiriza, ariko adashima ko tumuvuga izina, yatwiganiye ko abanyeshure bo mur’ubwo buraro bashika ibihumbi bitanu, batabona kumwe ivyabashikiye. Bamwe bavuaga ko bemera ko ibigwanisho vyafashwe vyari bitunzwe n’umunyeshure, abandi bakavuga ko ari abaporisi baje babizanye, kugira ngo bashobore gufata abo bipfuza. Uko kutabona kumwe ivyo bintu ngo n’uko bitera kwinubana no kurabana ribi, kuko hari abaca bagirizwa gukorana n’abaporisi. Ati ; « dufise amakenga menshi.

Amakenga ahagaze ku munyeshure yafashwe akiyemerera ko yaratunze ibigwanisho, kandi ko ari mu mugwi witwaje ibigwanisho FRONABU TABARA, abawurongoye bataramenyekana neza. Uwo munyeshure ngo afise impungenge ko n’abandi banyeshure bagiye gufatwa bavuzwe n’uwo yafashwe kuko yavyishakiye.

Umuvugizi w’urwego rw’abaporisi, Pierre Channel Ntarabaganyi, atera akamo abanyeshure boba bafise ibigwanisho ko bobisubiza, imbere y’uko abaporisi basubira kuvyironderera. Ariko akemeza ko ata rutonde rw’abanyeshure bazofatwa rwateguwe.

Ku bw’umukuru wa kaminuza, Gaston Hakiza, abanyeshure bategerezwa kuja hamwe, bagashinga amakomite ajejwe umutekano.

Ku vyabaye ku musi w’Imana, uwuserukira ababuze asaba ko amatohoza ataho yegamiyeyokorwa, abavyeyi bakamenya icatumye abaporisi bakoresha ibigwanisho mu banyeshure.

Umviriza Leon Massengo

Tukiri kandi kur’iyi nkuru, mugenzi wacu Frederic Nkundikije, yaraganiye n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Gaston Hakiza, araheza aramubaza ukuntu umutekano wifashe muri kaminuza mur’iki gihe.

Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi Aratera Akamo Abanyeshule. Kabasaba kuguma Batekanye:

Umviriza Gaston Hakiza mukiganiro yahaye Frederic Nkundikije

Abapolisi Barasatse Ibigwanisho mu vyumba vy'Abanyeshule muri kaminuza

XS
SM
MD
LG