Uko wahagera

Ico Abarundi Bibaza Ku bitero vy’ibihugu vy’i Bulaya na Amerika Bibandanya Muri Libya


Mu gihe ibitero vy’indege za gisirikare vy’ibIhugu vy’I Bulaya na Amerika bibandanya mu gihugu ca Libya umunyamakuru w’Ijwi rya Amerika, Leon Masengo, ari I Bujumbura mu Burundi, yarahaye micro abanyagihugu basanzwe barashikiriza ico biyumvira kuri ivyo bitero.

Bamwe muribo bavuze ko ivyo bitero bifatiye ku nyungu z’abanyamahanga barondera ibitoro biri mu gihugu ca Libya. Abandi bavuze ko ibihugu vy’I Bulaya na Amerika vyama vyihutira gukoresha inguvu z’umurengera igihe cose hari abategetsi badashaka mu bihugu biri mu nzira y’amajambere. Mu gihe hari ababona ko Kadafi akwriye kuhava ko imyaka mirongo ine n’ibiri ihagije.

XS
SM
MD
LG