Uko wahagera

Icicaro Gishasha n’umuyobozi Mushasha w’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika


Icicaro Gishasha c'Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika i Addis Ababa
Icicaro Gishasha c'Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika i Addis Ababa

Umuhanuzi mukuru mu vyerekeye politike w’igihugu c’Ubushinwa, Jia Qinglin, yuguruye icese icicaro gishasha c’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ejo ku musi wa gatandatu

Bitegekanijwe kw’uguhiganirwa amabanga y’ukuyobora ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika arico kintu kiza kuba gikomeye igihe inama y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika iza kwugurura ibikorwa vyayo uno musi ku w’Imana ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba.

Umusi w’imbere yaho, ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ryaruguruye icicaro caryo gishasha ku murwa mukuru wa Ethiopia, icicaro cubatswe kandi catanzwe n’igihugu c’Ubushinwa catwaye imiliyoni amajana abiri z’amadolari.

Umuhanuzi mukuru mu vyerekeye politike w’igihugu c’Ubushinwa, Jia Qinglin, yuguruye icese icicaro gishasha c’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ejo ku musi wa gatandatu mu birori vyarorewe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia, Meles Zenawi, abandi bategetsi b’ibihugu vya Afrika n’abaserukira ibihugu vyo mu mahanga.

Jia Qinglin yavuze ko ico cicero gishasha cubatswe mu kibanza cahoze ari ibohero rikomeye, ari ikimenyetso kw’Ubushinwa n’abanyafrika ari abavandimwe.

Yongeye kandi arahayagiza ubudandaji hagati y’Ubushinwa n’ibihugu vyo muri Afrika, avuga ko bwashitse ku miliyaridi ijana na mirongo itanu z’amadolari mu mwaka uheze, mu vyiyongeye incuro cumin a zitatu mu kiringo c’imyaka cumi irangiye.

Yatangaje kw’Ubushinwa bufitaniye imigenderanire mu vy’ubudandaji ikomeye kurusha ibindi bihugu n’akarere ka Afrika, imitahe y’Ubushinwa muri Afrika ikaba igera ku miliyaridi cumi na zitatu z’amadalari.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia, Meles Zenawi yarahayagije ivyo yise ukunaguka kw’intara ya Afrika.

XS
SM
MD
LG