Uko wahagera

Icibutso c’Umwidegemvyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kimaze Imyaka 125

  • VOA News

Icibutso c’Umwidegemvyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kimaze Imyaka 125

Icibutso c’Umwidegemvyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kimaze Imyaka 125

Mu kiganiro Americana c’uyu musi, tugiye ku baganirira ku vyerekeye icibutso c’aha muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, cibutsa umwidegemvyo.

Ico gishuho kiri mu gisagraca New York, caraye gikwije imyaka ijana na mirongo ibiri n’itanu. Kuva hasi uduga, gushika hejuru, ahari ikimuri cama kiraka, ico gishusho gifise imetero 90. Ubuhinga buhanitse bwa Web bashize ku rugori ruri ku mutwe w’ico gishusho, buzotuma baguma berekana amafoto azobonwa n’abo bose bakoresha ubuhinga bwa Internet. Amwe mu mafoto azokwerekanwa, n’amafoto yerekana New York n’ikivuko kiri muri ico gisagara.

Ayo mafoto ateye igomwe, n’ubwato bwinjira muri ico kivuko bugaca bukwiragiza umuco ku mazi y’ico kivuko, biri muvyari bisharije kuri uwo musi mukuru wo kwibuka imyaka 125 ico gishusho kimaze, waraye ubaye. Mu gihe c’amajambo, Ken Salazar, Umushikiranganji ajejwe intworo yo hagati mu gihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yibukije ijambo Perezida Grover Cleveland yashikirije ubwa mbere na mbere, mu mwaka wi 1886, yugurura ico cibutso.

Ken Salazar yavuze ati, Umwidegemvyo waronse urugo, aho uzoramutswa kuri iri zinga, Tuzowitaho, tuwukeze imisi yose. Twebwe abantu bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, tuzobandanya gukomeza uwo mwidegemvyo, kw’isi yose, mu mahoro no mu marushwa.

Salazar yarogeye avuga ati, Abafransa bagabiye Abanyamerika iki gishusho, berekanye ko ivyo bihugu bibiri bicuditse. Ko bose biyemeje gushinga, gukomeza no gukingira uwo mwidegevyo. Umufaransa ahingura utugenegene, Frederic Bartholdi yavuze ko ico cibutso ari “Umuco w’Isi Yose”.Yavuze ko kitotangaza abantu kubera ubunini bwaco, ahubwo ko cobatangaza kubera ubununini bw’ivyo cibutsa.

Mu bantu amajana n‘amajana bari bitavye ivyo birori, harimwo umupfasoni yitwa Mariana Chelkova, icegera c’umukuru w’igisagara ca Colmar, Bartholdi aturukamwo. Uwo mupfasoni Chelkova yimutse ava m’Uburusia, avuga ko igishusho ca Bartholdi gitanga ivyiyumviro vyinshi.

Avuga ati, jewe navukiye I Moscu, kandi ndibuka ko, nkiri akigeme gatoya, ico gishusho cibutsa umwidegemvyo cavugwa, kuko igihugu c’Uburusia cari mu bihe bitameze neza. Urumva rero n’icibitso c’umwidegevyo kw’isi yose

Mu myaka 125, abantu bavuye mu bihugu 46 nibo bimukiye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bakaba ubu bafise ubwenegihugu bwa Amerika. Nibo kandi bitavye ivyo biroro vyabereye kuri iryo zinga ryi New York. Bifatanje n’izindi miliyoni n’imiliyoni z’abanyamerika baciye kuri ico cibutso igihe ubwato bubazanye bwashika kuri ico kivuko co mu gisagara ca New York.

XS
SM
MD
LG