Uko wahagera

Iraki: Ibiziga Ijana Vyatowe Mu Kinogo Kimwe


Iraki

Iraki

Ubutegetsi bwa Iraki bumenyesha ko har’ibiziga vy’abantu bashika kw’ijana batowe bahambwe mu kinogo kimwe. Ivyo biziga vyatowe mu buraruko bwa Iraki, mu gisagara ca Mosul, inyuma y’aho igisirikare ca Iraki, kiri kumwe n’abagifasha batereye abagwanyi ba Reta ya Kisilamu mur’ico gisagara.

Ivyegeranyo vyasohowe n’abamenyeshamakuru baturuka mu bihugu vya Buraya, hamwe n’aba kurde, bivuga ko ivyo biziga vyatowe ari ivy’abanyagihugu. Umuvugizi w’Igisirikare ca Iraki yatangaje ko ivyo biziga vyatowe mu nyubakwa z’amashure, mu gisagara ca Hammam al-Alil, kiri ku birometero cumi na bitanu uja mu bumanuko bwa Mosul.

Tubibutse ko abagwanyi ba Reta ya Kisilamu bari bamaze imyaka irenga ibiri barigaruriye igisagara ca Mosul, n’ibisagara bigikikuje. Abanyagihugu bamaze iminsi bariko barahunga izo ntambara bakaba bavuga ko Reta ya Kisilamu yakoze ubwicanyi bw’ikivunga.

Igipolisi kimenyesha ko casavye abahinga mu buvuzi kugira baje ahari ivyo biziga, bagire amatohoza ku biziga vy’abo bishwe.

XS
SM
MD
LG