Uko wahagera

Iraki: Ibitero vya Reta ya Kisilamu mw'Izinga rya Petrol


Ivyuka vyaturutse ku bitero vya Reta ya Kisilamu mw'Izinga rya Petrol, mu gisagara ca Qayyarah, muri Iraki
Ivyuka vyaturutse ku bitero vya Reta ya Kisilamu mw'Izinga rya Petrol, mu gisagara ca Qayyarah, muri Iraki

Reta ya Kisilamu yarakoze igitero ku metero 300 uva mu gisagara ca Qayyarah, ahari izinga rya petrol. Ico gitero cahitanye abantu babiri bapfuye, abashika ku 1000 bakaba barakomeretse.

Mu buraruko bw’ico gisagara, abanyagihugu bavuga ko batagishobora gukoresha amazi yo mu mavomo, bivuye ko imyuka iva mur’iryo zinga ryahiye, yononye ayo mazi. Bamwe mu banyagihugu bakaba bipfuka mu maso kugira bashobore guhema.

Abanyagihugu bavuga kandi ko ibitero vy’abasirikare ba Iraki, bafatikanije n’aba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, navyo nyene vyababomoreye amazu.

Abategetsi mu gisirikare ca Iraki bamenyesha ko bariko barakora ibishoboka kugira bigizeyo abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, ariko ko intumbero yabo ya mbere ar’ugukingira abanyagihugu.

Najim al-Jibouri, umutegetsi mu gisirikare ku ruhande gwa Iraki, amenyesha ko intambara iri mu gisagara ca Mossoul, gisanzwe ar’ica kabiri mu bunini aho muri Iraki, itoroshe, bivanye nuko Reta ya Kisilamu yinyegeza inyuma y’abanyagihugu.

Jibouri avuga kandi kw’abo bagwanyi bateze imitego itari mike mur’ico gisagara, bakanahaca imihora binyegezamwo.

XS
SM
MD
LG