Uko wahagera

Ibisigarira vya Fidel Castro vyashitse muri Santiago de Cuba


Igiteramo co gusezera Fidel Castro, mu gisagara ca Santiago de Cuba
Igiteramo co gusezera Fidel Castro, mu gisagara ca Santiago de Cuba

Ibisigarira vy’uwahoze atwara Cuba, Fidele Castro vyaraye bishitse mu gisagara ca Santiago de Cuba. Bitegekanijwe ko ari mur’ico gisagara habera amaziko, igisagara Fidele Castro yatanguriyemwo igikorwa co kwikura agahotoro mu mwaka w’1953.

K’umugoroba wo kur’uyu wa gatadantu, haratunganijwe igiteramo, mubari bacitabiriye hawimwo Prezida Nicolas Maduro hamwe n’umukinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru Diego Maradona.

Kur’uyu w’Imana, bitegekanijwe ko haba amaziko. Abategetsi batari bakebakaba bitezwe mur’ivyo birori vyo gushingura Fidele Castro. Raul Castro, murumuna wa Fidele Castro, afise imyaka mirongo umunani n'itanu niwe agiye kubandanya kurongora Igihgu ca Cuba. Akaba yaratangaje ko azotanga imihoho u mwaka w’2018.

Yamara Alan Gross, umunyamerika akorera ikigo mpuzamakungu kijejwe iterambere, yari yagizwe imbohe muri Cuba mu kiringo c’imyaka itanu, amenyesha ko ari hamwe abanyagihugu ba Cuba badahinduye ibintu, atakizohinduka mur’ico gihugu. Gross amenyesha kandi ko abanyagihugu ba Cuba bavuga ko bipfuza kugirana ibiganiro na Reta yabo.

XS
SM
MD
LG