Uko wahagera

Ibiro vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu Biramaze imyaka Mirongitandatu vyitaho Impunzi


Mu ndwi iheze, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyitaho impunzi UNHCR, vyarakoresheje inama mu gisagara ca Washington, mu mugambi wo kwihweza intambwe imaze gukorwa ku bijanye no gufasha impunzi hamwe no kurabira hamwe ibibazo bigihanze impunzi, mur’iki gihe ivyo biro bimaze imyaka 60 vyitaho impunzi kw’isi hose.

Aho iyo nama irangiriye, Frederic Nkundikije yaraganiye n’umurundi, Martin Ndayisenga hamwe n’umunyarwandakazi, Adidja Nyiransekuye, bari batumiwe mur’iyo nama, baraheza baraganira ku vyerekeye ubwa mbere na mbere, ibibazo hamwe n’intambamyi, bagize bakiri mu makampi y’impuzi, hamwe n’ibibazo bagize kandi babandanya kugira, mu bisagara vyo muri reta zunze ubumwe za amerika, bimuriwemwo

XS
SM
MD
LG