Uko wahagera

Ibikoho Birasa Indege z’Ingwano Vyarasanye ku Mugwa Mukuru wa Libya Ejo ku wa Mbere

  • VOA News

Two Danish F-16 jet fighters prepare to land at the Nato airbase in Sigonella, Italy, Monday, March 21, 2011. (AP Photo/Andrew Medichini)

Two Danish F-16 jet fighters prepare to land at the Nato airbase in Sigonella, Italy, Monday, March 21, 2011. (AP Photo/Andrew Medichini)

Ibikoho bijejwe kurasa indege z’ingwano vyarasanye ku mugwa mukuru w’igihugu ca Libya, Tripoli ku musi ugira gatatu ejo ku musi wa mbere mu gihe Leta z’unze ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse vyakoze kugira vyagure ikirere hejuru ya Libya c’ugukingira abanyagihugu ibitero vy’inteko za prezida Gadhafi.

Ibikoho bijejwe kurasa indege z’ingwano vyarasanye ku mugwa mukuru w’igihugu ca Libya, Tripoli ku musi ugira gatatu ejo ku musi wa mbere mu gihe Leta z’unze ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse vyakoze kugira vyagure ikirere hejuru ya Libya c’ugukingira abanyagihugu ibitero vy’inteko za prezida Gadhafi.

Televiziyo ya Leta y’igihugu ca Libya yatangaje ko umurwa mukuru wagaremiwe n’ibindi bitero vy’indege z’ingwano z’urunani rujejwe kwubahiriza akarere kaziririjwemwo indege z’ingwano za Amerika.

Umuvugizi wa Leta y’igihugu ca Libya, yavuze ko ikibuga c’indege mu gisagara ca Sebha mu bumanuko bw’igihugu catewe n’igice kizwi kw’izina rya Kilometer 27, mu burengero bw’umurwa mukuru wa Libya, Tripoli kw’ibarabara rijana mu gisagara ca Zawiya, inteko za Leta zigaruriye mu ntango z’uku kwezi. Ikibanza ca Kilometer 27 nico kibanza ca gisirikare kirimwo Brigade Khamis, igizwe n’inteko zidasanzwe z’igisirikare ca Libya ziyobowe numwe mu bahungu ba prezida Gadhafi.

Umukuru w’ishami ry’igisirikare ca Amerika rijejwe akarere ka Afrika yatangaje ko indege z’urunani rw’ibihugu biriko vybahiriza akarere kaziririjwemo indege z’ingwano za Libya baragenzuye akarere kari hejuru ya Libya ku musi w’ejo ku wa mbere, mu gihe ibihugu indwi biriko bigira uruhara muri ico gikogwa hamwe na Leta z’unze ubumwe za Amerika.

Avugira ku cicaro ciwe mu gihugu c’Ubudahi, General Carter Ham yatangaje ko ibindi bihugu harimwo Ububiligi, Ubwongereza, Canada, Danemark, Ubufransa, Ubutaliyani na Espagne. Yavuze ko ico ico gikogwa kizoshimikirako ari ukwagura akarere kaziririjwemwo indege z’ingwano z’igihugu ca Libya mu kuva mu buseruko bwa Libya kagashika mu burengero.

General Ham yavuze ko inteko za Amerika n’Ubwongereza zarashe kandi missile Tomahawk cumin a zibiri mu masaha mirongo ibiri n’ane y’imbere yaho mu bibanza vya gisirikare muri Libya, harimwo ibibazo amategeko ya gisirikare atangigwamwo, ibibanza birimwo ama missile n’ibibanza birimwo uburyo bw’ukwivuna umwansi.

Uwo mutegetsi w’igisirikare ca Amerika avuga kandi ko igitero c’indege za gisirikare z’Ubwongereza mu kibanza umutegetsi w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi abamwo carondera ubusha bwiwe bw’ugutanga amategeko ya gisirikare.

Ico gitero carageramiye bikomeye inyubakwairi muri ico kibanza.

General Hama avugako umugambi w’ibitero vy’indege za gisirikare n’ama missile ujejwe gukingira abasivile b’abanya Libya ibitero vy’inteko za Gadhafi, ngo s’ukurondera umutegetsi w’igihugu ca Libya

XS
SM
MD
LG