Uko wahagera

Ibiganiro Bihuza Abarundi Ntibikibaye kuri Uno wa Kabiri


Perezida Pierre Nkurunziza ahobera uwahoze ari perezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma mu kwa kabiri kwa 2016 inyuma y'imishikirano yategura ibiganiro
Perezida Pierre Nkurunziza ahobera uwahoze ari perezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma mu kwa kabiri kwa 2016 inyuma y'imishikirano yategura ibiganiro

Igice ca gatanu c’ibiganiro bihuza Abarundi vyari bitegekanijwe gutangura kuri uno wa kabiri igenekerezo rya cumi n'umunani vyungururijwe mu ntango z’ukwezi kw’icumi kw'itariki itaratangazwa.

Umwe mu bategetsi mu biro bikuru vy’akarere ka Afurika y’ubuseruko, Ijwi ry’Amerika rikesha aya makuru, yasiguye ko impari z'abotumirwa ari zo zitumye iryo sango ryegezwa imbere.

Uwo mukozi atashimye ko amazina yiwe atangazwa asigura ko ubutegetsi bw’i Bujumbura bwarahiye bukarengwa ko budashobora kuza muri ivyo biganiro hamwe hotumirwa bamwe mu banyepolitike canke abaharanira agateka ka zina muntu bafise imitahe mpuzamakungu y’ubutungane yarungitswe n’Uburundi, bubagiriza kuba boba barashatse gutembagaza ubutegetsi.

Ikindi gisa nk’ikiriko gitera impari nk'uko isoko ry'Ijwi ry'Amerika muri EAC ribandanya rivyemeza, ni ikibanza ivyo biganiro vyoberamwo: Mu gihe vyari bitegekanijwe ko ibiganiro vya gatanu vyobera muri Tanzaniya, Abatavuga rumwe na Reta bari hanze y’igihugu bari basavye ko vyojanwa Entebe muri Uganda.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Ibiganiro Bihuza Abarundi Ntibikibaye kuri uno wa Kabiri
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:53 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG