Uko wahagera

Ibibazo vy'Abana bo mw'Ibarabara n'Abandi Bana ba Ntahonikora mu Rwanda,Uburundi na Kongo.


Amashirahamwe OPDE-APECOS na OIDB akurikirana ibibazo vy'abana bo mw'ibarabara n'abandi bana ba ntahonikora mu Rwanda,Uburundi na kongo iharanira demokarasi bakoraniye i Bujumbura kwiga ubuhinga bushasha bwo kurondera ababafasha...

Ibiharuro vyemezwa n'uwuserukira ayo mashirahamwe Athanase Rwamo vyerekana ko abana bo mw'ibarabara n'abandi ba ntahonikora mur'ivyo bihubu bitatu,Urwanda, Congo iharanira demokarasi n'Uburundi ari imiriyoni cumi na zibiri zirenga. Congo iza ubwa mbere;imiriyoni cumi,ku mugwa mukuru Kishassa ngo haharurwa umuriyoni w'abana,bamwe bari mw'i barabara abandi b'impfuvyi canke babangamiwe n'ingorane zitandukanye.

Ivyo bitigiri n'ubwo bisa n'ibiteye ubwoba abari basanzwe bafasha amashirahamwe OPDE,APECOS na OIDB ngo besnhi barakuye akarenge. Rwamo Athanase atanga akarorero k'Ikigo DFID c'Abongereza kijejwe gufasha, Abafaransa, UNICE,Care International, ikigo c'igihugu CNLS na CRS yarasanzwe afasha cane cane mu Burundi.

Ingora ngo ni nyinshi cane,kubura imiti ku bana bagwaye sida n'abandi, ibifungurwa n'ibindi;....

Mu burundi ibitigiri vy'abana b'impfuvyi n'abandi bana ba ntahonikora baharugwa mu bihumbi amajana umunani na mirongo ine ni ukuvuga ica cumi c'abarundi bose. Umukuru w'amashirahamwe OPDE,APECOS na OIDB,Athanase Rwamo avuga ko ibitigiri bizobandanya biduga kubera ko ata migambi itomoye ya reta yo gutorera umuti ibituma abana bagira ingorane zitandukanye aha avuga umutekano muke,ubukene n'ikiza sida.

Nkonji Polycarpe, umwe mu baje bava mu Rwanda yabwiye Ijwi rya Amerika ko mu gihugu c'Urwanda ibitigiri vy'abana bo mw'ibarabara bigenda bigabanuka kubera ishaka rya reta. ija inama n'ingingo ikanatanga amafaranga yo gukemura ivyo bibazo

Inyuma y'inyigisho z'imisi ibiri bitegekanije ko abitavye ibikorwa bagenda bazi neza aho bagiye kudodora basaba imfashanyo, ingene baganiriza ababafasha, bategura imigambi n'ingene bayishira mu ngiro mu ntumbero n'ingendo nshasha.

XS
SM
MD
LG