Uko wahagera

Ibibanza Bikingiwe Vyarasambuwe mu Gisagara ca Tombuktu mu Gihugu ca Mali


Ivyabona babwiye Ijwi rya Amerika kw’abagize umugwi Islamist Ansar Dine bateye ibibanza vyubashwe n’amashoka, ibipawa n’imipanga

Reta nfatakibanza mu gihugu ca Mali, yariyamirije ivyo yise igikorwa kigayitse c’abagize umugwi Islamist Ansar Dine c’ugusambura ibibanza vyubashwe mu gisagara ca kera ca Tombuktu ejo ku musi wa gatandatu.

Mw’itangazo, Reta y’igihugu ca Mali yatangaje kw’ibitero vy’abagize umugwi Islamist Ansar Dine ari ivyaha vyo mu ngwano, ikaba yiyemeje kuzokwirikirana abagize uruhara muri ico gikorwa kigayitse, mu bishoboka n’ukubashira imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha.Ibitero vyabaye ejo ku musi wa gatandatu vyabaye imisi ibiri inyuma yuko ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ritangaje kw’igisagara ca Tombuktu ari ikibanza gikingiwe.

Ivyabona babwiye Ijwi rya Amerika kw’abagize umugwi Islamist Ansar Dine bateye ibibanza vyubashwe n’amashoka, ibipawa n’imipanga, mu vyatangaje abantu baba muri ako karere.

Hari umuntu yavuze kw’abagwanyi b’uwo murwi bagabishije abantu baba mu gisagara ca Tombuktu ko bashobora kugeramira ubuzima bwabo. Uwundi yatangaje kw’abanyagihugu bo muri akao karere ata bigwanisho bafise vy’ukwivuna.

XS
SM
MD
LG