Uko wahagera

Hillary yasubije Trump ku bijanye n'aamjwi y'abarabure


Abakandida ku mwanya w'umukuru w'igihugu Hillary Clinton na Donald Trump
Abakandida ku mwanya w'umukuru w'igihugu Hillary Clinton na Donald Trump

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma y’iminsi itari mike, umukandida w’aba Democrate, Hillary Clinton ataco avuga ku mvugo y’umukandida Donald Trump w’aba Republikani, imvugo ituma urutoke Clinton ko ar’umunyamacakubiri kuko abona abirabure mu nyungu z’amatora, akibagira ubukene bw’akazi n’ubwicanyi bubabangamiye, Hillary yarishuye umukandida Trump, kur’uyu wa kane, aho yari muri Reta ya Nevada, mu bumanuko bushira uburengera bwa Amerika.

Kubwa Hillary Clinton, birababaje ko Trump abona ibitagenda neza gusa mu birabure, akibagira amashirahamwe y’abikorera utwabo atera akura, abaheza amashure mu makaminuza y’abirabure, ati hamwe n’amashengero y’abirabure afise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’abanyagihugu.

Clinton yibukije ab’ari ngaho ko Umushikiranganji ajejwe ubutungane yitwariye umukandida Trump ku birego bijanye na politike y’amacakubiri mu nyubakwa z’abirabure n’abimukira baturuka muri Amerika y’Ubumanuko.

Nayo umukandida Trump aho yari muri Reta ya New Hampshire kur’uyu wa kane, yavuze ko ibirego bavuga vy’uko ar’umunyamacakubiri, atarivyo kuko wewe ico aharanira ar’ugukingira imbibe za Amerika, kugira agwanye abimukira batemewe n’amategeko hamwe n’abisilamu batemera abakomoka muyandi madini.

XS
SM
MD
LG