Uko wahagera

USA: Uko abakandida babona Ikibazo c'Umutekano n'Amoko


Hillary na Trump mu kiganiro c'impari

Hillary na Trump mu kiganiro c'impari

Inyuma yo kwishura ku bibazo bijanye n’ubutunzi, mu kiganiro ca mbere cahuje abakandida Donald Trump w’aba Republikani na Hillary Clinton w’aba Demokrate, bahavuye bishura ku bibazo bijanye n’umutekano hamwe n’amoko.

Umukandida Hillary, yatumye urutoke umukandida Trump, mu kumubwira ko afise ingendo y’amacakubiri. Yagarutse ku bijanye n’uko Trump atemera ko Perezida Barack Obama wa Amerika ar’imvukira ya Amerika, avuga ko ikibazo c’amoko ar’ikibazo gikomeye muri Amerika, bategerezwa kwicarira bakagerageza gusubiza hamwe abanyagihugu n’abapolisi, bakongera bakagwanya n’ikibazo c’intureka zimaze iminsi zibonekeza muma Reta atandukanye.

Trump yishuye avuga ko mu ntango z’uku kwezi yatinze akemera ko Perezida Obama ar’umunyamerika, kubera ko yaberetse urupapuro gw’amavuko yiwe. Kubijanye n’umutekano, umukandida Trump avuga ko hakwiye kugaruka itegeko riha uburenganzira abapolisi bwo gusaka uwo bashatse, itegeko ritacemewe n’Ibwirizwa Shingiro rya Amerika, kuko ryahohotera bamwe mu banyagihugu.

Ku bijanye n’umutekano, umukandida Hillary yavuze ko intamabara ya mbere azogwana ar’iyijanye n’imbuga ngurukanabumenyi, aho yatumye urutoke Ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa ko vyinjira mu makuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika kandi ko umukandida Trump abifisemwo uruhara kuko ashigikiye Igihugu c’Uburusiya mur’ico gikorwa. Umukandida Trump yishuye avuga ko ivyo vyagirizo atavyemezo bifise.

Hillary Clinton yavuze kandi ko amashirahamwe y’ubuhinga bwa none akwiye kwitanga mu rugamba gwo kugwanya Reta ya Kisilamu, no mu kuyahagarika kwegeranya amafaranga hirya no hino kw’isi biciye mu buhinga bwa none.

XS
SM
MD
LG