Uko wahagera

Hari inzira Zibiri Zitandukanye Muri Iki Gihe ku Vyerekeye Gutorera Inyishu Ibibazo vy’Ubutunzi kw’Isi

Inzira ya mbere yerekeye gutubika umukanda mu bigenewe kugabanya amafranga Amareta akoresha mu gihe inzira ya kabiri igenewe gushimikira ku migambi ijejwe kugwiza ubutunzi n’ukuronsa ubuzi abanyagihugu.

Mu gihe abategetsi b’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi kw’isi bararangije inama yabo hanze y’igisagara ca Washington DC, ku musi w’Imana uheze, habandanya kuvugwa inzira zibiri zitandukanye ku vyerekeye gutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi kw’isi.

Inzira ya mbere yerekeye gutubika umukanda mu bigenewe kugabanya amafranga Amareta akoresha mu gihe inzira ya kabiri igenewe gushimikira ku migambi ijejwe kugwiza ubutunzi n’ukuronsa ubuzi abanyagihugu.

Izo nzira zibiri zirahanganye muri iki gihe cane cane mu karere k’I Bulaya aho Ubudagi, igihugu gikomeye muri ako karere, gishigikiye inzira ya mbere mu gihe Ubufransa bushira imbere inzira ya kabiri.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Gratien Rukindikiza, umuhinga mu vyerekeye ubutunzi na politike ari I Paris mu Bufransa yaravuze ku vyerekeye izo nzira zibiri.

Tumutege amatwi:

XS
SM
MD
LG