Uko wahagera

Haiti: Amatora ya Perezida mu Kwezi kwa Kane


Reta zunze ubumwe z'Amerika zimenyesha ko atankeka igihugu ca Haiti kizotunganya amatora y’umukuru w’igihugu italiki 24 z’ukwezi kwa kane uyu mwaka wa 2016.

Aho n’inyuma yaho abashingamateka ba Haiti batoreye umukuru wa senat ari nawe agiye kuba umukuru w’igihugu w’imfatakibanza.

Icegera c’umufasha wa Sekereteri wa reta wa Reta ya Amerika Kenneth Merten yabwiye ibinyamakuru ko Amerika yiteguye gufasha mu matora muri Haiti mugihe bobisabwa.

Yamenyesheje kandi ko Amerika imaze guha igihugu ca Haiti imiliyoni 33 z’amadolari mu gufasha mu bikorwa vy’amatora.

Igihugu ca Haiti cari kimaze imisi kitagira umukuru w’Igihugu mugihe uwahora akirongoye Michel Martelly atangiye imihoho italiki 7 z’uku kwezi kwa kabiri.

Amatora yo gutora uwumusubirira yigijwe imbere inyuma yaho habereye imigumuko mur’ico gihugu, kandi mugihe abatavugarumwe na reta bamenyeshereje ko batazoyitaba.

XS
SM
MD
LG