Uko wahagera

Guhimbaza umusi mukuru w’intama mu Burundi


Aba Islamu baba abato canke Ingongozi , basaba amahoro haba ku rwego rw’igihugu.

Umusi mukuru w’irayidi nkuru aba islamu bita umusi mukuru w’intama wahimbajwe mu rugombo mu ntara ya Cibitoke. Aba Islamu baba abato canke Ingongozi , basaba amahoro haba mu Cibitoke canke ku rwego rw’igihugu.

Ahishakiye Aicha umwe mu bakenyezi b’abaIslamu bo mu Rugombo avuga ko aba Islam bo ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke bashima Imana kubona yabagejeje kur’uno musi wo gutanga ikimazi nk’uko intumwa y’Imana Ibrahimu yabikoze .

Uyu musi kandi ngo n’umusi wo gusaba amahoro ku ba Islamu. Maalim Omar Nduwimana aserukira aba Islamu bo mu ntara ya Cibitoke asigura ko ata mu Islamu atosaba amahoro kuko Islam gisigura amahoro.

Mu gihe intara ya Cibitoke yama yatewe n’abitwaje ibiganisho, ingongozi canke aba Islam bato bato bo ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke, basaba abatwara igihugu n’abatavuga rumwe nabo kuganira kugira igihugu kironke amahoro.

XS
SM
MD
LG