Uko wahagera

Abanyororo bo mw'Ibohero ry'i Gitega, mu Burundi, Muri Yegereyegere


Mu Burundi, abanyororo bo mw'ibohero rikuru ry'i Gitega, bari mu myiyerekano, yo kugaragaza agashavu bafise, gaterwa n’ukugaburirwa nabi

Mu gaturuturu ko kur'uyu wa kane, igenekerezo rya 17, ukwezi kwa gatatu, mw'ibohero rikuru ry'i Gitega hagati mu gihugu, hari uruhagarara, induru n'akajagari. Umukuru w'abanyororo Pierre Claver Hakizimana yabwiye Ijwi rya Amerika ko abapfunzwe bazindutse berekana agashavu bafise kajanye no kugaburirwa nabi. Nk'uko uwo mukuru w'abapfunzwe yabivuze, ngo bamaze imisi myinsi bafungurirwa ibiharage gusa, navyo nyene bidakwiye.

Mu myiyerekano abanyororo bazindutsemwo, barateye amabuye ku madirisha no ku biro vy'abajejwe ibohero,babuza n’abantu kwinjira. Abo banyororo basaba kugaburirwa ibikwiye, bakongera bakaronswa ubutsima iruhande y'ibiharage. Mur’iyo myiyerekano, abapfunzwe barinjiye ahabikwa matera barazisahura.

Ibohero ry'i Gitega ryubatswe mu mwaka w'i 1928, ariko ngo ryari ryagenewe abanyororo amajana ane none ubu ririmwo abanyororo igihumbi n'amajana atatu na mirongo ine n'umunani. Benshi muribo barara hanze. Imanza nazo zikwegwa n'amabi yagiye arahakorerwa zagiye ziragwirirana. Intambara n'ingorane z'amatongo navyo nyene biri mu bituma ibitigiri vy'abanyororo biduga, ubukene bw'igihugu nabwo bugatuma kubagaburira bitoroha.

XS
SM
MD
LG