Uko wahagera

Amatora mu Gihugu ca Ghana


Uwahoze ar’umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu ca Ghana, Nana Konadu Agyemang Rawlings, umunywanyi w’Umugambwe uharanira Demokrasi, NDP, usanzwe utavuga rumwe na Reta, kur’uyu wa kane yatangaje k’umugaragaro kw’azokwiyamamariza ikibanza c’Umukuru w’Igihugu mu matora ategekanya kuba itariki 7, z’ukwezi kwa 12, mur’uyu mwaka turimwo.

Nana Konadu yatanze kandi izina ry’uwuzomubera icegera, ariwe Michael Kojo Mensah Sosu. Nkuko bivugwa n’Umuvugizi w’Umugwi ujejwe gutunganya amatora, Eric Dzakpasu, abo bakandida bategerezwa kuzotanga amafaranga angana n’Ibihumbi 12.505 y’amadolari. Nayo abazokwitoza ku gwego gw’abashingamateka bakazotanga ayangana n’2.501 y’amadolari y’abanyamerika.

Mohammed Frimpong, Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe NPD, yabwiye Ijwi rya Amerika ko yizeye intsinzi. Kubwiwe, Michael Kojo n’umukandida azoshobora gukwega abakiri bato kugira batore umutambukanyi wa Jerry John Rawlings, yahoze atwara ico gihugu ca Ghana.

Abavyihweza bavuga ko umugambwe NPD ushaka gutera akavuyo, bakavuga kandi ko utegekanya kwegeranya imigambwe itavuga rumwe na Reta kugira ije hamwe mur’iyo myiyamamazo. Abenshi mu banywanyi b’umugambwe NPD bakaba ar’abiyonkoye k’umugambwe usanzwe uri kubutegetsi NDC.

XS
SM
MD
LG