Uko wahagera

George Saitoti Yarapfuye mu Mpanuka y’indege


George Saitoti
George Saitoti

Abategetsi ba Reta batangaje kw’abantu bose bari muri iyo ndege, harimwo abadereva n’abapolisi babiri bose bapfuye.

Indege ya kajugujugu yari itwaye Saitoti n’icegera c’umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Joshua Orwa Ojode yagize impanuka hafi y’isaha zitatu zo mu gitondo hafi y’igisagara ca Ngong.

Abategetsi ba Reta batangaje kw’abantu bose bari muri iyo ndege, harimwo abadereva n’abapolisi babiri bose bapfuye.

Saitoti, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, yari afise imigambi y’ukwitoza kuba prezida mu matora yo mu mwaka uza. Saitoti yari afise imyaka mirongo itandatu n’itandatu.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kenya, Raila Odinga yavuze kw’iyo mpanuka ari iintu kibabaje cane, akaba yemenyesheje kw’ugusambuka kw’iyo ndege ari mpanuka. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gisagara ca Nakuru, yaravuze ku nama ya nyuma yagiranye na Saitoti:

Odinga avuga ko bari mu gisagara ca Mombasa haheze imisi ibiri mu nama ku matora arangwa n’amahoro, aho professeur Saitoti yavuze ku gikorwa nkenerwa c’ukugirisha amatora arangwa n’amahoro, n’ingingo ubushikiranganji bwiwe bujejwe umutekano mu gihugu buzoshiraho.

Mw’itangazo, prezida w’igihugu ca Kenya, Mwai Kibaki yavuze kw’umushikiranganji Saitoti azokwibukwa nk’umuntu yakoreye igihugu adahengeshanya, umuntu yakoreye Abanyakenya.

Mu mabanga yiwe y’umushikiranganji ajejwe umutekano w’igihugu ca Kenya, Saitoti yagiye imbere y’abandi mu rugamba rw’ukugwanya iterabwoba ry’umuigwi w’intagondwa z’aba Islamu, al-Shabab mu gihugu ca Kenya.

Urupfu rwa Saitoti kw’italiki cumi z’ukwezi kwa gatandatu vyahuriranye nukwibuka imyaka ine irangiye habaye iyindi mapnuka y’indege yahitanye abasikiranganji babiri b’igihugu ca Kenya ahatari kure y’ahabereye impanuka y’indege yahitanye Saitoti ejo ku musi w’Imana.

XS
SM
MD
LG