Uko wahagera

Burundi: Ubulaya Buzakomeza Gufasha Abanyagihugu


Uwuserukira ishirahamwe ry'ubumwe bw'Ubulaya mu Burundi yahaye Patrick Spirlet yemeje ko imfashanyo zigenewe abanyagihugu zitazohagarara mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Ambasaderi Spirlet yaciye amenyesha ko mbere hari imigambi ibiri, umwe w'ukuvuza abantu n'uwundi w'iterambere igiye gushirwa mu ngiro.

Ariko yagabishije ko ubumwe bwa Bulaya bushobora gusubira gufatira ingingo abantu bo muri leta canke mu batavuga rumwe nayo bashira imbere gukoresha inguvu n,igikenye.

Ishirahamwe rya Bulaya rivuga ko ingingo ryafashe atawovuga ko ari ibihano kandi ko ritashate gukandamiza abanyagihugu b’abarundi basanzwe bari mu bukene butagira izina. Mbere ngo hari n’imigambi ibiri iriko ishirwa mu ngiro kubw’ineza y’abanyagihugu.

Mu bihugu n’amashirahamwe bisanzwe bifasha Uburundi mu migambi y’iterambere n’amafaranga reta ikoresha ku mwaka kumwaka, ishirahamwe rya Bulaya riza mu kibanza ca mbere.

Ukwamezi atandatu aheze, bitegekanijwe ko haba inama y’ibihugu 28 bigize umuryango wa Bulaya kugira vyihweze ko reta y’Uburundi yashize mu ngiro ivy’isabwa gutyo vyemeze canke bihakane gusubira gusohora amafaranga.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi, Eloge Willy Kaneza ni we yakurikiranye iyi nkuru ari i Bujumbura.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:16 0:00

XS
SM
MD
LG